Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsPetero Nkurunziza bakomeje kumwiyamiriza kuvyerekeye kwitoza ku ncuro ya 3

Petero Nkurunziza bakomeje kumwiyamiriza kuvyerekeye kwitoza ku ncuro ya 3

Umuririmvyi abenshi bazi kwisina rya Minani Félicien ndetse asanzwe ari nawe yaririmvye ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD-FDD, yibutsa ko ata murundi n’umwe yotwara igihugu mu kiringo kirenga imyaka cumi ari ku butegetsi, n’aho yoba yatwaye neza, kuko hariho abandi barundi babishoboye nabo nyene, kandi bakwiye guhabwa ayo mahirwe.

femi
Nsengiyumva Minani Félicien (i buryo), ariko aramukanya n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Nkuko uno muririmvyi yabitwiganiye hano kuri UBM News, we yavuze ko uburundi butegerezwa kuba umurima rusangi kubarundi bose ndetse akaba ashima intwaro z’icami ko zitakiriho mu Burundi.

Minani Félicien yagize ati : UBURUNDI BUTEGEREZWA KUBA UMURIMA RUSANGI KU BARUNDI TWESE ! Ndashima kuba intwaro z’icami zitakiriho mu Burundi kuko harimwo akagunge kubona umuntu umwe rudende atwara igihugu imyaka n’imyaka gushika apfe canke yihe ubuki nubwo yaba atwara nabi canke atakibishoboye kandi igihugu gifise abandi benshi babishoboye. Ako kari akarenganyo karenze urugero. Uburundi bwacu bwiza bw’ejo uko jewe ndabubona nuko atamurundi n’umwe yotwara igihugu ngo arenze imyaka cumi ari k’ubutegetsi nubwo yoba yatwaye neza kuko hariho abandi bene Burundi babishoboye nabo nyene bakwiye guhabwa ayo mahirwe.

Bitabaye uko kubwanje Uburundi ntabwo azoba ari umurima rusangi kandi ako koba ari akarenganyo jewe ntashobora gushigikira. Nizereko ibwirizwa nshingiro ryacu tuvuga rumwe kandi ko atamurundi n’umwe akunda igihugu ciwe hamwe n’Abarundi bagenzi we yobica iruhande adashaka guta igihugu mu manga. Uwobirengako nawe , yoba arenze akarimbi gashobora kumurenza urugo/ Femi


urwo n’uririmbo yariririmvye rwo guhayagiza umugambwe CNDD-FDD

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments