Paul Kagame yatanguye kwirukana abamurwanya kumvo zogutinya ko yohava atsindwa mumatora.

0

Abanyarwanda 3 harimwo abagabo babiri (2)hamwe n’umukenyezi umwe afise umwana akiri muto cane w’amezi umunani ,bankiwe guhonyoza ikirenge kubutaka bw’uRwanda ,bazira kuba bari mu mugabwe urwanya ubutegetsi bwa Kagame.

kagame

Aba bankiwe gushika mu gihugu cabo nabayoboke b’umugabwe ” Ishema” utavuga rumwe na Reta y’uRwanda bari barongowe na Padiri Thomas Nahimana Umunyamabanga Mukuru wuwo mumugabwe “Ishema”umwe mu migabwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’uRwanda warumaze igihe ukorera hanze y’igihugu c’uRwanda.

Padiri Thomas Nahimana arikumwe n’abandi banwanyi buwo mugabwe bari bafashe ingingo yo gutaha mu gihugu cabo kugira baje gukorera ibijanye na Politike mu gihugu cabibarutse ,bongere bategure neza amatora yumukuru w’igihugu yo mu mwaka wa 2017.
Padiri Thomas Nahimana ,asanzwe ari umunyamabanga mukuru wuyu mugabwe yari yamenyeshe ,kwariwe azoserukira uwo mugabwe mu matora yo guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu yimirije kuba mu mwaka wa 2017.

padiri_thoma8103-d1869

Naho uyu mugabo yarafise izo ndoto zo guhiganwa na Kagame murico kibanza ,amahigwe yiwe asa naho ari kurushi kubera yankiwe guhonyoza ikirenge mu Rwanda .

Padiri Thomas Nahimana akaba yamenyesheje ko abajejwe ikibuga c’indege ca Jomo Kenyatta i Nairobi babamenyesheje ko itegeko ryo kubabuza kubandanya urugendo ryavuye i Kigali ndetse kwataco bobafasha mugihe igihugu cabo kidashaka ko bahonyoza ikirenga kubutaka bwaco.

Aba bose rero bakaba bankiwe kwinjira mu gihugu c’uRwanda mugihe bari bafise ivyangobwa (VISA)bibemerera gufata indege ibashikana mu Rwanda ,ariko ubutegetsi bwa kigali bukaba bwase ko bahonyoza kirenge kubutaka bwabo.

Naho ibintu biruko aba aba bagabo babiri barahiye bararengwa ko batarota basubira inyuma badashitse mu gihugu cabibarutse ,gusa uyu mukenyezi hamwe n’umwana wiwe bafashe ingingo yo gusbura inyuma iyo bari baje bava ,ivyo kuja mu Rwanda baba barabihagaritse.