Uyu Mwubahwa President Evariste Ndayishimiye akija k’Ubutegetsi Abantu bambere bamushimagiza cane bari Abanyarwanda gusumvya n’Abarundi. Ntibasiba kuvuga Amajambo yo kumuhayagiza ngo:” Abarundi mugiye mwabona umu Perezida pe”
Ariko namba uyu musi hari Umuntu yanswe cane n’Abanyarwanda ni President Evariste Ndayishimiye.

Ariko kandi si Abanyarwanda gusa,Abarundi nka twese tukibona umuzo wa Evariste twariruhukije cane,Turavuga duti Igihugu kiraronse Isuka!! Kuko yaje umengo ntazorohereza Abaryi b’Ibiturire,Abanebwe badakora neza ivyo bajejwe,Imigenderanire yari yarapfuye yashitse abishira ku Murongo,….n’Ibindi vyinshi. Harageze naho n’Amashirahamwe mpuza makungu amwizera batangura kumuzeza Amabanga menshi,n’Ibisata vyinshi arongora. Hari n’Ibihugu bimwe bimwe rutura nka America,Ubufaransa,Ububirigi batangura kumwizera bagabanya n’Inguvu bahereza President Kagame batangura kuzishira kuri Evariste.
Ivyo vyarateye Ibibazo bikomeye muri CNDD-FDD kuko hari benshi batigeze bishimira na gato Imyifato ya Ndayishimiye yo gushaka kw’ugurura ivyo Nkurunziza yari yasize yugaye,nko kw’ugurura Imipaka hagati y’Uburundi n’Urwanda vyaratsitaje benshi cane, batangura kubona Ndayishimiye ko ahemutse,mbere iyo Migenderanire yibi bihugu bibiri ninayo yabaye Intanduruko ya Evariste ukudahuza na Bunyoni tutibagiye naba Reverien Ndikuriyo. Bunyoni,Adolphe be na Nkurunziza bari bafise Idili ikomeye cane na FDLR,nibo babagurishiriza Zahabu kw’Isoko mpuza makungu baka bagurira Ibirwanisho bikitwa ko biguzwe n’Igipolisi canke Igisirikare vy’uburundi,ariko bikahaca bijabuka muri Congo!! Iyi Dosiye niyo yahitanye Erneste Manirumva wa Olicom yariko atohoza ku Nkoho zari zaguzwe n’Igipolisi c’Uburundi mu Gihugu ca Malaysia ariko ntiziboneke muma Stocks yazo mu Burundi.
Ico gihe Aba polisi b’Uburundi bari Ibihumbi 20,ariko hari haguzwe inkoho Ibihumbi 40 ku buryo buri mu Polisi yari gutwara inkoho 2. Zararondewe irengero ryazo rirabura kumbe aba Shefu bari kw’Idili ikomeye!!
President Ndayishimiye ageze k’ubutegetsi yashitse agomba gusambura wa Mubano wa Leta yasubiriye na FDLR,atangura kwirukana aba FDLR bari mu Kibira hariya muza Cibitoke,Abaha imisi yo kuba bahavuye ariko Bunyoni nawe akaguma abatera Intege bagumeho,niko Ndayishimiye kubarekurirako Umucanwa! Aha ukutumvikana hagati ya Nadayishimiye n’Umushikiranganji wiwe wa mbere Bunyoni kuba kuradutse! Umubano wa Ndayishimiye n’Urwanda nawo uca Urakomera,mbere Iperereza ry’Urwanda ritangura kuneka ama Telephone ya Bunyoni(Ukwo yavugana n’Abantu Urwanda rwaramwumviriza) raporo igahabwa Evariste. Nigihe higera gutegurwa gutembagaza Evariste ni Iperereza ry’Urwanda ryavyibiye Iperereza rya Evariste!! Mbere harageze naho Ivyo bihugu bihanahana Abarwanyi bafashwe:
Ingene Evariste yahindukanye n’Urwanda:
Urugamba rwitirirwa M23 nirwo rwateranije President Evariste be President Kagame, President Evariste akijabukana Ingabo muri Congo zari zagiye guhagarikira Amahoro hagati ya Congo na M23 zijanye n’Abandi bo mu bindi Bihugu(Tanzania,Malawi,South Africa,..) ariko murabo bose M23 yari yizeye cane Ingabo z’Uburundi kuko Umubano wari mwiza hagati y’Uburundi n’Urwanda, uduce twinshi M23 yari yarafashe muri Nord Sud-Kivu yadushikirije Ingabo z’Uburundi abe arizo zihaguma ntizihahe FARDC. Mu nyuma Uburundi buri muriyo Mission ya SADEC, Iperereza rya Gisirikare ry’Uburundi ryahavuye rimenya ko NIYOMBARE ari mu bantu bakomeye bapanga Plans z’Urugamba rwa M23,bivanye n’Ingene Abategetsi b’Uburundi bazi Niyombare ko ari Umuhinga murivyo,vyabateye kubona ubwo nyene ko M23 irikumwe na Red-Tabara,Haca hiyongerako Ibitero vya Red-Tabara mu bice vyo mukiyaya ca Rusizi emwe Imipaka iba Irugawe ubwo nyene Hagati y’Uburundi n’Urwanda,guterana Amajambo biba biratanguye, Mission Ingabo z’Uburundi zarimwo muri Congo iba irahindutse,batangura guhiga M23,Twa turere twose bari barabikijwe na M23 badushikiriza FARDC,…Kugeza nuyu musi Umubano waciye uparangana,kuko ivyo Uburundi bwahagazeko(Guhabwa NIYOMBARE) Urwanda rwaravyanse!!!
Mwumva ninde yabaye Indyadya hagati ya Evariste na Paul Kagame?? Banyarwanda ubwo kuba mwirirwa muvuga nabi H.E Evariste Ndayishimiye ko Ashigikiye aba Génocidaires ntimubona ko muba muriko mumurenganya??





Recent Comments