Patrick NDUWIMANA: Amaradiyo aracakorera ku gitsure c’ubutegetsi

0

Kw’igenekerezo rya 13 Ruhuhuma uko umwaka utashe, Uburundi n’amakungu burahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe iradiyo. Kubwa Patrick NDUWIMANA arongoye ishirahamwe ry’amaradiyo mu Burundi ABR amenyesha ko Reta icivanga mu bikorwa vy’amaradiyo kandi ataho vyabonetse.

Patrick NDUWIMANA arongoye ABR avuga ko naho hari abamenyeshamakuru bahunze igihugu ,babandanije bakora kugira batange amakuru ku barundi batari bake bakeneye kumenya uko ibintu bimeze mu gihugu.

Umukuru w’ishirahamwe ABR amenyesha ko Reta iguma itera igitsure ibimenyeshamakuru bikorera mu gihugu,kandi igashaka no gutanga amategeko ingene vyokora kandi ataho vyabonetse mu mwuga wo kumenyesha amakuru.

Patrick NDUWIMANA akamenyesha ko atewe impungenge n’ingene ikibazo c’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru kitari mu bizokwihweza mu biganiro bitegekanijwe i Arusha kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017.