Monday, September 26, 2022
HomeNewsPatiri Adolphe NTAHONDEREYE yapfuye

Patiri Adolphe NTAHONDEREYE yapfuye

Patiri mukuru wa Paruwasi yo mu Gatumba yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, nk’uko vyemezwa na Musenyeri Evariste NGOYAGOYE arongoye Diyoseze nkuru ya Bujumbura.

Patiri NTAHONDEREYE yapfiriye mu bitaro aho yari asanzwe arwariye kuva arekuwe n’abantu bari bamunyuruje. Kuva arekuwe yashikiye mu bitaro, kubera uburuhe yakuye mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, aho abari bamunyuruje bari bamutwaye. Ubwo buruhe hamwe n’ingene yafashwe vyaje vyunyura ingwara yari asanzwe afise, nk’uko vyemezwa na Diyoseze uwo musaseredoti yakukira.

Ubuyobozi bw’iyo Diyoseze bwahojeje umuryango w’uwo musaseredoti hamwe n’abakirisu ba Ekereziya Gaturika muri rusangi.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...