Pascal Nyabenda yagize ico avuga kubijanye ningingo uburaya buheruka gufatira abategetsi b’abarundi.

0

Kuri uyu wa gatandatu igihe Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yari aramutse yifatanya n’abenegihugu mu birori vyo gushikirizwa musitanteri mushasha wa Komine Mpanda yaragize ico ashikirije kubijanye n’ibihano vyafatiwe bamwe mu nzego z’umutekano mu Burundi.

Kubw’iyo ndongozi, abajejwe umutekano barakoze birashimwa igihe haba ngw’ imigumuko mu gisagara ca Bujumbura gutyo rero ngo bari bakwiye ahubwo gushimirwa bimwe bikomeye ku gikorwa gihambaye bakoze mu kugarukana umutekano.

Mukurangiza reka tubibutse ko uburaya buheruka gufatira ibihano bikomeye abategetsi (4) bakorera Reta ya Petero Nkurunziza, abo nabo ni

  • Godefroid BIZIMANA icegera c’uwurongoye ibiro bikuru vy’igipolisi.
  • Gervais NDIRAKOBUCA batazira NDAKUGARIKA akaba asanzwe akora mu Bureau vy’Umukuru w’Igihugu mu gisata c’Igipolisi.
  • Joseph NIYONZIMA batazira KAZUNGU akaba asanzwe akora mu Bureau vy’iperereza.
  • Léonard NGENDAKUMANA niwe yarajejwe  ingendo z’abakora mu Bureau vy’Umukuru w’Igihugu.

nyabenda
Pascal Nyabenda Umukuru w’inama nshingamateka arikumwe nivyegera vyiwe bibiri ( Agathon Rwasa hamwe na Edward Nduwimana )