PARCEM isaba abanyepolitike gushira imbere inyungu z’igihugu

0

Umukuru w’ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM Faustin NDIKUMANA asaba abanyapolitike gushira imbere inyungu z’igihugu cose,mu gihe bokwiyumvira guhindura ibwirizwa nshingiro ry’igihugu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa gatatu igenekerezo rya 25 Nzero umwaka wa 2017, Faustin NDIKUMANA amenyesha ko amasezerano ya Arusha niyo politike y’Uburundi yubakiyeko.

Faustin NDIKUMANA yibutsako ibwirizwa nshingir ry’Uburundi riva ahanini mu masezerano ya Arusha ,ari naco gituma ibwirizwa nshingir rithinduka hatabaye ukuvugana hagati y’abanyepolitike bose mu Burundi.

Kubwa Faustin NDIKUMANA guhindura ibwirizwa nshingir vyokwisunga ingingo ya 299 iri mw’ibwirizwa nshingiro nyene ivuga ko,ibwirizwa nshingiro nridashobora guhindurwa mu gihe rihungabanya ubumwe bw’abarundi,ugusubiza hamwe n’intwaro rusangi.

Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM asaba ko isubirwamwo ry’ibwirizwa nshingiro ryoba irifasha gukomeza ubwigenge bw’ubucamanza no kuja ku rugero rumwe n’ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko mu bijanye n’amafaranga Reta ikoresha.