Pancrace Cimpaye: Leta ya Nkurunziza ishobora kuba ari nk’inyoni itaracikana ariko yacitse amababa

0

Willy Nyamitwe hamwe na Eduard Nduwimana, Ibihangannge muri Leta ya Nkurunziza muri kino gihe ngo baherereye muri Belgique aho bivurwa ko no mukwinjira murico gihugu batabimenyesheje nkuko bishikirizwa na Pancrace Cimpaye.

panca-a8cc4

Imvo z’urwo rugendo bakoreye aho muri ico gihugu kigira gatatu gishigikira uburundi ntiziramenyekana ariko Belgique baza barahagaritse ubufasha bwabo kubera ibiriko biraba mu Burundi. Ikirengerejeho umushingamateka w’ibihugu vya buraya asanzwe akomoka muri ico gihugu kandi akaba yaranagiye mu Tanzania aho bari mu biganiro i Arusha, yaraye amenyesheje ko umukuru w’igihugu c’uburundi ata bubafasha afise bwo kwitoza kandi.

Nkurunziza_0_0

UBM News tubibutse ko Cimpaye yabandanije avuga ko ubu muri kino gihe Leta ya Nkurunziza ishobora kuba ari nk’inyoni itaracikana ariko yacitse amababa. Ngo abarundi ntibacike intege ariko babandanye kuko igihe kiri hafi.