Wednesday, September 28, 2022
HomeNewsPancrace CIMPAYE: Abitavye ubutumire bw'umuhuza bashaka gusambura CNARED

Pancrace CIMPAYE: Abitavye ubutumire bw’umuhuza bashaka gusambura CNARED

Umuvugizi w’Urunani rwishinze gukingira amasezerano ya Arusha,rugizwe ahanini n’abanyapolitike bahungiye hanze y’igihugu CNARED,amenyesha ko abitavye ubutumire bw’umuhuza Benjamin Mkapa bari mu murwi w’abashaka gusambura urunani CNARED.

Pancrace CIMPAYE avugira urunani CNARED amenyesha ko urutonde rw’ivyihweza mu biganiro bitumwako n’umuhuza Benjamin Mkapa ata yindi ntumbero bifise atari ugushigikira no guha inguvu intwaro iri mu Burundi.

Umuvugizi w’urunani CNARED avuga ko bisunze ubutumire umuhuza yatanze ku bategerezwa kwitaba ibiganiro vyo kuwa 16 Nzero 2017,biboneka ko umuhuza ata yindi ntumbero yari afise atari gusambura abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi.

Pancrace CIMPAYE amenyesha ko kuba hari abanyepolitike bitavye ibiganiro bituma abarundi batakaza icizere,kandi bari biteze kuronka inyishu ihumuriza ivuye mu biganiro atawe bikumira.

Must Read

Uganda: Abantu 23 nibo bamaze kwicwa na Ebola (OMS).

0
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS ritangaza ko mu gihugu ca Uganda abantu bagera kuri 23 aribo bamaze kwicwa n'ikiza ca Ebola kikomoka...