PAM: Inzara Ishobora Kwica Abantu 20 000 000 Ata Gikozwe.

0

Abantu barenga imilioni 20 bashobora guhitanwa ninzara mu mezi atandatu bitumwe n’ubwoko butandukanye bw’amapfa, nk’uko Ishirahamwe ryitaho imfungurwa kw’isi PAM ryagabishije mu ndwi iheze.

Amatati ariko araba mu gihugu ca Yemen, mu buseruko bushira uburaruko bwa Nigeria hamwe na Sudani y’Epfo yaratumye ingo nyinshi zisanzara kandi yongera aratuma haba iduzwa ryibiciro buravyo, mu gihe Uruzuba rukaze muri Somalia rwononye ibiterwa bituma ubutunzi bw’ico gihugu bwononekara.

Ata Gikozwe cihuta, amapfa ashobora guhitana abantu barenga imilioni 20

Muri Yemen na Sudani y’Epfo, ugusubira inyuma kw’ubutunzi bw’igihugu gusobnura ko abantu batagishobora no kugura ibifungurwa biboneka.Muri Nigeria mu ntara ya Borno, aho abantu abantu amamilioni bahunze umuhari w’iterabwoba Boko Haram, ubudandaji hamwe n’amasoko vyarononekaye, bituma abantu basigara batunzwe n’imfashanyo zitangwa n’abagiraneza.

Mu kiganiro Peter Smerdon, Intumwa akongera Ya PAM yahaye Televiziyo France 24, yavuze icokorwa kugira hagwanywe ayo mapfa. “Birakenewe ko haba ugukorana neza nabatwara ubwo burere bwugarijwe n’amapfa…turashobora gukoresha za kajugujugu mu gukororera imfungurwa mw’utwo turere kubera usanga bigoye kuhashika kubera amatati usanga ariyo”, niko Peter Smerdon yavuze.