ONU yemeye kurungika umurwi ufasha gutorera inyishu ikibazo ca Politique kiri mu Burundi

0

Umurwi w’umutekano w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU wemeje kurungika umurwi w’abahinga barurangiranwa bofasha mu nzira yo gutorera inyishu ikibazo ca politike kiri mu Burundi.

Foto yafashwe igihe c'imyiyerekano
Foto yafashwe igihe c’imyiyerekano

Icokorwa ngo ibintu bisubire mu buryo mu Burundi ngo hakwiye kwongerezwa umutekano w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi eka n’abadaharanira inyungu za Politique, ivyo vyashikirijwe na IVAN Simonovic icegera c’umukuru w’umurwi ujejwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Akaba yabandanije amenyesha ko hakwiye umutekano kugira ibintu mu Burundi bisubire mu buryo kuko ibitigiri vy’abakorerwa nabi biguma birwira, aho agatanga ibitigiri aho yavuze ko kuva mu kwezi kwa ndamukiza abashika kuri 94 barishwe, 40 barahohoterwa.