Ishirahamwe ONU rirasaba ko igihugu c’Uburundi cokora amatohoza ku bagira bagandagure umugore w’umukuru w’Umugambwe FNL yigenga Rwasa Agathon. Mu kiganiro umuvugizi wa ONU yahaye ikinyamakuru c’abafaransa yamenyesheje ko asaba igihugu c’Uburundi kunyaragasa biri mu maguru masha ngo berekane abagira bakore iryo bara. Bigasabwa ko vyokorwa hakiri kare cane.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon
ONU ikabivuga yisunze ko uwabikorewe ari umwe mubaboneka ko bashobora gusubirira umukuru w’igihugu c’Uburundi kandi ngo bibaye mu gihe hegereye amatora azoba mu kwezi kwa gatanu na gatandatu 2015.
Umufasha wa Agathon Rwasa aheruka kuraswa n’abantu bataramenyekana.
Mwibuke rero ko Haberisoni Annociate yahatswe kugandagurwa n’umuntu ataramenyekana aho yariko arakora imishatsi muri Salon yo muri Quartier Asiatique, iyo ikaba ari imwe mu ma Quartier y’ I Bujumbura.
Recent Comments