ONU iratanga umuco kucofasha Uburundi kugira ntiburwe mu Kaga

0

Zeid Ra’ad Al Hussein aratanga umuco ku cotuma uburundi butarwa mu kaga, akamenyesha ko hokubahirizwa amasezerano yi Arusha.

Igisata kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe ONU babona ko kugira amahoro n’umutekano ntibihungabane, n’amatora azogende neza  n’uko amaserano y’i Arusha yokwubahirizwa, ivyo bikaba vyashikirijwe n’umwe mu basanzwe bari muri uwo murwi yagendereye Uburundi ariwe Zeid Ra’ad Al Hussein.

husse-1793d
Zeid Ra’ad Al Hussein wo mu gisata kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

 

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru akaba ataretse kumenyesha ko abarundi bari mu buhungiro mu gihugu c’Urwanda bayaze na ONU bayimenyesha ko bahunga ubugizi bwa nabi bukorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure, ivyo kikaba kubwiwe kikaba ikimenyetso kibi gishobora gushikira Uburundi mw’ihungabana ry’umutekano.  Zeid Ra’ad Al Hussein agahamagariraLeta y’Uburundi gushengeza inyuma y’ukugira amatohoza kugira batore abo bose bagirizwa ivyaha vy’uguhohotera kiremwa muntu.