ONU Irashaka Ko Ugukoresha Ibigwanisho Ruhonyanganda Bihagarara, Ariko USA N’Ibindi Bihugu Ntivyemera.

0

Ejo Ku musi wa mbere 27/03/2017, Inama Ya ONU yaratanguye aho hariko haganirwa ko ikoreshwa ry’ibigwanisho ruhonyanganda ryohagarikwa burundu mwisi yose, ariko Leta Zunze Ubumwe n’Ibindi bihugu vya Rutura bitunze ivyo bigwanisho ntibishaka ko haba iryo hagarikwa, mbere ivyo bihugu bikaba bititavye iyo nama.

Ibihugu vyo muri ONU vyipfuza ko hoba ihagarikwa burundu ry’ibigwanisho ruhonyanganda bivuga ko bibangamiye umutekano w’isi yose muri rusangi kandi ko bishobora kugira ingaruka mbi zibabaje igihe vyokoreshwa. Ibihugu birenga 120 vyaratoye ko hoba iryo hagarikwa mu mwaka uheze.

ONU ikavuga ko ivyo bigwanisho ruhonyanganda “bibangamiye bidasanzwe umutekano w’abantu” kandi kubihagarika vyatevye.

Inama Ya ONU

Ariko ibihugu vya Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, Ubwongereza , Ubufaransa hamwe n’ibindi bihugu birenga 20 vyariyamirije hamwe iyo nama ya ONU yo guhagarika ibigwanisho ruhonyanganda ejo hahise ku wa mbere. Ibihugu vy’Uburusiya hamwe n’Ubushinwa navyo nyene ntivyagize uruhara mwiyo nama ya ONU.

Uwuserukira Amerika muri ONU, Nikki Haley, yavuze ejo ku wambere ko abategetsi bo ku rwego rwo hejuru bakwiye kuba “ abiyumvira neza ibitegereka” ku vyerekeye umutekeno kandi ko bafise inshingano zo kurinda umutekano w’abantu babo. Abandanya avuga ko ata wokwemera neza ko igihugu ca Koreya ya Ruguru ‘ko coheba umugambi Waco wo guhingura no kugeregeza ibigwanisho ruhonyanganda’.

Alexis Lamek, Uwuserukira Ubufaransa muri ONU, nawe nyene avuga ko ‘ibihugu vyabo vyikora ku bigwanisho ruhonyanganda kugira hacungegwe neza umutekano’.

Matthew Rycroft, uwuserukira Ubwongereza muri ONU, avuga ko ihagarikwa burundu ry’ibihgwanisho ruhonyanganda mwisi ritazotuma umutekano mwisi umera neza, kandi ko ritazotuma ibihugu bifise ivyo bigwanisho bigamburuka iryo hagarikwa mu buryo buri mu muco.