Onesime nduwimana abona ko urugendo rw’Umuhuza w’Uburundi rushobira kuba impfagusa canke rukaba ngirakamaro

0

Umuhuza Yoweri museveni ngo vyiza yozaaje gukingira inyungu z’Uburundi n’abarundi, atari ugushigikira ko Pr.Petero Nkurunziza  yosubira gutwara Uburundi.

onesime_nduwimana_porte-parole_du_cndd-fdd

Urugendo rwa Yoweri Museveni umuhuza mushasha mu bibazo vy’Uburundi ngo mu gihe rwoba rugamije  kwemeza abarundi ko Pr. Petero Nkurunziza yotwara Uburundi ngo ntaco rwoba rumaze nkuko vyashikirijwe na Onesime Nduwimana yahoze avugira umugambwe CNDD FDD ubu ari mu batemera ikiringo ca Gatatu ca Petero Nkurunziza.

Kubwa Onesime Nduwimana ngo umuhuza mushasha vyoba vyiza aje guharanira inyungu z’Abarundi kandi akanaharanira inyungu z’akarere apana guharanira inyungu z’umuntu umwe gusa nkuko yabiyagiye insamirizi Inzamba.