OMS: Ata gikozwe indwara ya malaria ishobora kwiyongera mu Burundi

0

Abahinga b’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS bamenyesha ko ihindagurika ry’ibihe, gufungura nabi bibandanya kwiyongera mu Burundi ,hamwe n’ibikorwa bike vyo gukingira bikorwa, arivyo bituma indwara ya Malaria yiyongera mu Burundi.

Nkuko biri mu cegeranyo c’abahunga bishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS co mu mpera z’ukwezi kwa mbere, umwaka wa 2017,indwara ya Malaria iracari mu kiringo caho ishobora kubandanya yiyongera.

Muri ico cegeranyo abahinga b’ishirahamwe OMS bamenyesha ko mu mwaka wa 2016, abantu bashika imiliyoni 7 aribo barwaye Malaria, muri abo , abashika 3774 baritavye Imana bahitanywe n’iyo ndwara.

Abahinga b’ishirahamwe OMS bamenyesha ko indwara ya Malaria yibonekeza ahanini mu ntara zo mu Buraruko,hagati mu gihugu, hamwe no mu Burengero bw’Uburundi.

Abo bahinga b’ishirahamwe OMS basaba ko hoshingwa umugambi w’igihugu wo gukingira malaria, hagatanguzwa kandi isekeza ryo kuvura iyo ndwara mu kivunga, hagakurikira gutanga imisegetera irimwo umuti.