OLUCOME ntitahura igituma haheze umwanya munini isoko nkuru ya Bujumbura itarasanurwa

0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME rimenyesha ko kuba haheze imyaka itatu isoko nkuru ya Bujumbura itarasanurwa vyerekana ko Reta y’Uburundi ititayeho inyungu z’abanyagihugu.

Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko bitumvikana ingene hahera igihe nkiki cose isoko nkuru ya Bujumbura itarasanurwa kandi ico kibanza cinjiza amafaranga atari make yafasha Reta n’abanyagihugu.

Isoko nkuru ya Bujumbura yahiye kw’igenekerezo rya 27 Nzero umwaka wa 2014,abari bafisey ibidandazwa bakaba barahahombeye ibitari bike.

Muri Reta bavuga ko abanyagihugu borema kuko muri ico kibanza hazokwubakwamwo isoko ya kijambere y’igrofa igeretseko gatanu,kandi ko ababuriye ivyab muri iy soko bazba aba mbere baronka ibibanza.