OLUCOME isaba ko ibwirizwa nshingiro ryohinduka inyuma y’ibiganiro bibera i Arusha

0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igitutire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba amashirahamwe mpuzamakungu gusaba Reta y’Uburundi ko itohindura ibwirizwa nshingiro imbere y’uko ibiganiro bibera i Arusha bihera.

Mw’itangaz ishirahamwe OLUCOME ryasohoye kuwa gatandatu igenekerezo rya 19 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, iryo shirahamwe rimenyeha ko Reta y’Uburundi iriko irasambura inkungi z’intwaro rusangi, mu gushiraho umurwi ujejwe guhinyanyura ibwirizwa nshingiro.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe OLUCOME rikamenyesha ko ritewe impungenge no kuba Reta y’Uburundi ititavye ibiganiro, ivuga ko itagishijwe inama mu gutumira abavyitaba kandi ataho vyabonetse kw ‘isi ko uwuri mu matati agira uruhara mu gutumira.

Ishirahamwe OLUCOME rirangiza iryo tangazo rishimira kandi umufasha w’umuhuza Benjamin William Mkapa kuba yarasavye Reta y’Uburundi ku dahirahira ihindure ibwirizwa nshingiro, kuko uko ibintu bimeze mu Burundi bitotuma ico gikorwa kiba mu mwumvikano.