UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Olucom igiye kwitura ubutungane mpuzamakungu ku rupfu rwa Ernest Manirumva

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Imyaka 15 iraheze uwahoze ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe OLUCOM agandaguwe bunyamaswa.Muri Olucom bamenyesha ko dosiye ya Ernest Manirumva bayirondeye mu bubiko bw’imanza bwa sentare ntahinyuzwa bakababwira ko yazimiye,umuvugizi wa Olucom Jean Nduwimana akavuga ko bagiye kwitura ubutungane mpuzamakungu mu gihe sentare ntahinyuzwa itokwemera kuzana dosiye ya Manirumva ngo iburanishwe.Ibi yabivuze ejo ku wa kabiri mukiganiro n’abamenyeshamakuru.

Ernest Manirumva (from the Ernest Manirumva campaign)

Umuvugizi wa Olucom Jean Nduwimana yagize ati:«Mu bisanzwe I dosiye ya Ernest Manirumva ntiyigeze iburanishwa urunva noneho kuva kuri ino saha ko idashobora kuboneka.ntibigeze na rimwe berekana uwatumye kwica bunyamaswa Ernest Manirumva bafashe aba planton baho Manirumva yakora,hariho abandi bakozi n’aba polisi batoya abo nibo bafashwe gusa.Hariho ibihugu bigenzi vy’uburundi vyafashije kugira ngo hakorwe ibipimo vy’amaraso(ADN)hamenyekane abamwishe ariko murazi ko hariho abavyanse kwipimisha ico gipimo.Abo nyene iyaba ubtungane bw’uburundi bukora igikorwa cabwo nkuko bitegekanywa n’amategeko ,nkuko abarundi babishaka abo nyene banse nibo ubutungane bwaca bukorerako mugabo ubutungane bw’uburundi ntibwigeze bushaka gukorera kuri ivyo bintu.nico gituma ishirahamwe Olum tugiye kwitura ubutungane zo mu karere canke mpuzamakungu.»

Inyuma y’igandagurwa rya Ernest Manirumva Leta y’uburundi yarashizeho imirwi 3 yo gukora amatohoza kuri urwo rupfu.umurwi wa 3 waratanze icegeranya cashobora gufasha Leya y’uburundi mbere n’ubutungane bushobora kumenya uko urwo rupfu rwageteguwe n’abatumye yicwa mbere n’inzira baciyemwo kugira hamenyekane ico yahowe.

Muri ico gihe kandi igipolisi c’Amerika kijejwe gutohoza ku vyaha bikomakomeye “FBI” carakoze amatohoza aho casavye ko hakoreshwa ibipimo vya ADN bagafata amakanda uhereye aho batanguye kumukubagurira mu rugo iwe ukaja no kukazi aho yakorera ariko ivyo vyose ubutungane ntibwashatse kubikorerako.

Ernest Manirumva yagandaguwe mw’ijoro ryo kuwa 8 rishira uwa 9 ndamukiza 2009 aho ikiziga ciwe catowe murugo iwe ku Mutanga.imbere y’uko agandagurwa,Ernest Manirumva yariko arakora amatohoza ku bigwanisho vyari vyaguzwe arikontibishe mu Burundi.ico gihe ivyo birwanisho vyagurwa n’ubushikiranganji bw’umutekano bwari burongowe ico gihe n’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments