OCHA imenyesha ko hari intambanyi zituma amashirahamwe adafasha abanyagihugu

0

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi OCHA kimenyesha ko hari ingingo Reta y’Uburundi yafashe zitorohereza abashaka kuza gufasha abarundi bugarijwe n’ubukene hamwe n’inzara.

Mu cegeranyo c’igisata ca ONU mu Burundi OCHA ku bijanye n’ingene abanyagihugu bofashwa,OCHA imenyesha ko ku mashirahamwe ava mu bindi bihugu bigoye kwinjira mu gihugu no kugitemberamwo kuko basaba uruhusha rwo gutembera mu gihugu VISA urwo narwo rukaba rugoye kuronka.

Murio ico cegeranyo igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi OCHA kimenyesha ko abajejwe intwaro hagati mu gihugu bafashe ingingo yo kudatanga ubwigenge bwo gutembera mu gihugu hagati bigatuma bigorana kwongereza abakozi no gushikira abanyagihugu bari mu bukene.

OCHA rimenyesha ko ingingo yo gucisha amafaranga amashirahamwe akoresha mw’ibanki nkuru y’igihugu itorohereza amashirahamwe kuko ata bwigenge hagati yayo busubira kuhaba bwo kugenzura uburyo akoresha.

Kubwa OCHA,ingingo iza yunyura ibintu,ni ingingo yuko abo mu mashirahamwe ava hanze bategerezwa kujana n’uwuserukira Reta,ivyo navyo bikagora kuko bishika uwuserukira Reta akaba ata mwanya afise.

Muri ico cegeranyo OCHA imenyeshako abarundi bashika imiliyoni zitatu aribo bakeneye gufashwa mu gihugu,na cane cane abo mu ntara za Bujumbura Rural,Kirundo,Makamba na Rumonge.