Nzeyimana Mkombozi ngo igihe c’impinduka kirageze mu Burundi ” Raba hano ibintu bidasanzwe yavuze.

0

Nzeyimana Mkombozi ni umwe mu baririmvyi bakunzwe cane mu Burundi biturutse ku ndirimbo ziwe agenda araririmba zirimwo amwe mu majambo akebura buri muntu wese ndetse zikabamwo n’ivyiyumviro vyinshi vyubaka I gihugu.

mkombozi hasta

Muri kino gihe uno muririmvyi akaba atakibarizwa mu gihugu ciwe cu Burundi aho yahunze kumvo z’umutekano wiwe inyuma yaho asohoreye indirimbo Nzeyimana isa n’iyinegura ahanini leta y’u Burundi,nubwo ari mubuhungiro, Mkombozi ntakibuza ko ibikorwa vyiwe bibandanya kuko inyuma yaho yaciye ashira ahabona iyindi ndirimbo yise Papa nzeyimana aho yavuze ko kwari ugukebura uyo wese ashaka kuba umukuru w’i gihugu uko akwiye kwitwara.

Uno muririmvyi mu kiganiro aheruka guha ikinyamakuru kimwe gikorera mu Burundi, we avuga ko ibiriko biraba mu Burundi abifata nkaho ari igeragezo rya nyuma kuko ng’ubujuju bw’abarongozi bubonetse ngwabantu nabo baza baraciye ubwenge kubwivyo akaba ahamagarira abarundi batakaye ko boreka ako kajagari barimwo ku neza y’igihugu kuko ngo ntiyohushana n’ukuri kw’abanyagihugu basaba ivyo amategeko abarekurira ahubwo ngwahushana n’imigambi hamwe n’indoto bigayitse vy’umugambwe uri kubutegesti.

Mkombozi

Mkombozi ati :Muribi bihe hakenewe ico umwe wese ashoboye ku Burundi,nimba ari uwusenga asengere amahoro,nimba ari uwuririmba aririmbe amahoro eka haba n’umumenyeshamakuru yandike canke ashikirize amakuru avuga amahoro.

UBM News tubibutse ko uno muririmvyi yabandanije avuga ko ubu bariko barategura ihinduka naho atashoboye kugena abo barikumwe , mu kwezi kw’umunani ngo gutegerezwa gushika hamaze kuboneka intambwe ikomeye y’ihinduka mu Burundi kuko ngw’impinduka itegurwa n’uwo wese arinyotewe.