Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNews Nzeyimana Mkombozi abaye umuririmvyi wa mbere avuze bino bintu bidasanzwe vyerekeye...

Nzeyimana Mkombozi abaye umuririmvyi wa mbere avuze bino bintu bidasanzwe vyerekeye Melchior Ndadaye

Mu gihe uburundi kuruno munsi buriko buribuka Imyaka mirongo ibiri n’umwe iheze bubuze umukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu agandaguwe, umuririmvyi mukunda muri benshi Nzeyimana Mkombozi nawe yananiwe kwihangana agira ico abivugako ndetse abenshi bakaba bakomeye kuvuga ko ariwe muriririmvyi wa mbere ashimye kuvuga ukuri naburya kenshi iyo mu Burundi uvuze ukuri ushobora kukuzira.

Nzeyimana Mkombozi mumajambo yavuze yagize ati : Ufise umutwe wiyumvira ivyiza n’umutima wipfuze ivyiza nuwukubonye rimwe atarakuzi akubonamwo ubutwari n’amahoro.Nyakubahwa Melchior Ndadaye ari mubarundi bake bashoboye gusa mumaso n’ibiri mumutima na mu mutwe wabo.Ndadaye ntiyigeze azana Frodebu zibiri ariko sinibaza aba bayigabuye iyo babikuye kuko Ndadaye yipfuza kugaburira ivyiyumviro n’imigambi abarundi ntiyigeze yipfuza kugabura abarundi ngo aba bitwe nyakuri(umurundi atarinyakuri yavukiye he?nanyakuri arangwa n’iki ico abandi badafise?) abandi bitwe iragi ryandadaye

Mkombozi

Ndadaye yarazi neza ko abarundi tutari abiwe ahubwo turi ab’uburundi ariko ari mubahezagiwe nabahawe ivyo abarundi benshi twaritubuze kandi ntibisigura kuba iragi rya Ndadaye si ukuba uri mumugambwe witazira iryozina Oyaaah namba kuba uriragi rya Ndadaye icambere ni ukuba uzi ivyaranga Ndadaye ivyo ya haranira kandi ube ubikunda uvyemera kandi wemera ko wopfa ubizira uzoba uje Mw’ijuru kandi uzopfana umunezero ntangere, wishe navyo bisigura ko naho woba Uva mumugambwe UPRONA CNDD_FDD UPD MSD…..nokwita ko uriragi rya kuko ivyo yipfuje atashitseko kuko yagiye kare waripfuje kubibandanyirizako)nasanze UBUTUNZI BURI MUKUZIMU SI NGAHA KW’ISI.Hasta la victoria siempre.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments