Nyuma y’umwaka,Best Life Music wasinye ayandi masezerano yo gukorana na Kora Entertainment

0

Umugwi best life uhurikiyemwo imisore 4 G Kiboko,Mc vita,Young Dany na Yves melodie wasinye amasezerano yo gukorana n’ inzu ijejwe guteza imbere abaririmvyi b’ abarundi ya kora entertainment,amasezerano y’ imyaka 3 nkuko amakuru ikinyamakuru cacu Ubmnews gikesha uwusanzwe ahagarariye iyo nzu imbere y’ amategeko ariwe Nzeyimana Ismail benshi bazi kW’ izina rya kent- p
best-life-usinya-amasezerano-yo-gukorana-na-kora-entertainment
Nkuko amakuru dufise abivuga avugako ribaye irya kabiri uyo mugwi wa best life usinya amasezerano yo gukorana n’ inzu ya kora entertainment kuko ubwa mbere best life yari yasinye gukorana niyo nzu imyaka 3 kuva mu 2012 gushika mu 2015 niho ayo masezerano yashobora kurangira,
nyuma y’ umwaka wose amasezerano atagihari ,best life ikaba yashimye gusubira gukorana na kora entertainment bivanye n’ ibikorwa vyiza wabonye mu gukorana niyo nzu

Tworangiza tubamenyesha ko best life music yamenyekanye cane biciye muri iyo nzu ya kora entertainment