Nyuma yo kuronderwa n imigwi myinshi,Abbas NSHIMIRIMANA azoguma mu mugwi wa Bujumbura city

0

Abbas NSHIMIRIMANA umukinyi w’umusatirizi mu mugwi wa Bujumbura City nyuma yo kuronderwa n’ imigwi myinshi ya hano mu Burundi,uyo mukinyi ntakivuye mu mugwi wa Bujumbura City nkuko yabitumenyesheje mu kiganiro twagiranye nawe.

abbas

NSHMIRIMANA Abbas akaba yamenyesheje ikinyamakuru canyu ubmnews.com ko yahisemwo kuguma mu mugwi wiwe wa Bujumbura City naho imigwi myinshi yamurondeye harimwo umugwi wa LLBurundi Sport 4 Africa hamwe na Vitalo fc.

Twobamenyesha ko Abbas Nshimirimana asanzwe anakinira umugwi nserukira gihugu w uburundi INTAMBA MU RUGAMBA.