Nyuma yo gutandukana igihe kirekire ” Amashengero yaha muri ( Dallas, Texas ) yakoze umusi mukuru kuba yasubiye hamwe !

0

Nubwo hariho abantu bibaza ko hari ibintu bidashoboka yamara ngo ku mana vyose birashoboka kuko ngo ntayikinanira, Amashengero abiri (2) y’abarundi baba hano muri Leta zunze ubumwe za America mu gisagara ca ( Dallas, Texas ) Nyuma yo gutandukana igihe kirekire ” ano mashengero uno musi akaba yakoze umusi mukuru kuba yasubiye hamwe bakiyunga ubugira kandi !

amashengero-1

Ukwiyunga kwaya mashengero ni ikintu gishimishije ndetse gikwiye kubera icigwa ku yandi mashengero yose y’abarundi baba hano muri America ndetse no kwisi yose kuko ikintu ubu abantu bose bakeneye mu mashengero ni ubumwe kandi ubumwe ntibushobora kuboneka mu gihe mutariko murakorera umurimo w’Imana hamwe .

UBM News turashimira abarongozi baya mashengero kuba baricaye hamwe bakiyunvira umugambi nkuyu mwiza wo gusubira hamwe ndetse tukaba dusaba n’ayandi mashengero y’abarundi baba hano muri America amaze kwitandukanya ko bogerageza uko bashoboye kwose bagasubira hamwe kuko urukundo hamwe n’ubumwe nico Imana itugombako.

amashengero-2