Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsNyuma yo gusuzugura abamenyeshamakuru, Kidum vyoba bigiye kumugirira ingaruka mbi ikomeye cane

Nyuma yo gusuzugura abamenyeshamakuru, Kidum vyoba bigiye kumugirira ingaruka mbi ikomeye cane

Akenshi iyo umuririmvyi atanguye kwibona ko amaze kugera ku rwego rukomeye, niho nagasuzuguro gatangurira ndetse mugihe umuririmvyi adacunze neza muvyo avuga canke muvyo akora bishobora kumwononera vyinshi.

kidum

Kidum numwe mubaririmvyi ubu amaze kwibona ko ageze kugwego rwo hejuru, ubwiwe abona ako atabufasha na bumwe akeneye kubanyamakuru bakorera kuri Internet ndetse no kwerekana yuko ataco bigeze bamufasha akaba yatanguye kubagaya hamwe no kubifatira mugahanga nkuko yishakiye.

Mu minsi iheze Kidum yakoresheje igiteramo ariko ivyashikiye bamwe mubamenyeshamakuru bari bahishikiye uwo musi vyari akamaramaza , barafashwe nabi, baratukwa ndetse bahakwa gukubitwa.

Nyuma yiryo fatwa nabi ryabamenyeshamakuru, ibinyamakuru bikorera kuri internet harimwo n’ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera hano muri America ” UBM News, twanditse inkuru yo gukebura Kidum ariko ubwiwe haheze umunsi umwe gusa yasimbiye kuri Radio RPA mu kiganiro kigirishwa na Innoncent Valentin aho yagerageje gukurako agashambara abamenyeshamakuru bateza imbere umuziki mu Burundi mu kubabwira ko nimba bashaka kumenyekana nabo ngo ni baririmbe nkawe, kandi ko badashaka ku muterera mu kwinjira mu giteramo yarihisha ibihumbi 20000 vy’amarundi ngo barindirire bazokwinjira mu giteramo co k’ubuntu kuko ata mahera bafise ikindi ngo abamenyeshamakuru sibo bamuteza imbere.

kidumu

Nyuma yo kuvuga ayo majambo, abenshi bakomeje kwibaza nimba Kidum kugeza ubu ataramenya akamaro kabamenyeshamakuru ndetse ibi bikaba bishobora kumuviramwo ingaruka mbi ikomeye cane ishobora gutuma asubira inyuma , akarorero ninkaho murino minsi aheruka gukoranya abamenyeshamakuru bakorera kuma Radio gusa ariko hakitaba bake cane kuburyo vyamushavuje cane kubona hitavye abamenyeshamakuru 9 gusa muri benshi bari bamwitavye ku musi atanga ikiganiro kuri ku muzinda.

UBM News ico twohanura Kidum nuko yokwiga kwubaha, nubwo atokenera ubufasha buva kubamenyeshamakuru bakorera kuri Internet ariko ntace abasugura ababone nkaho ataco bamaze kuko ubu intambwe agezeko ndibaza ko atari kuyigeraho iyo hataba abo bamenyeshamakuru.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments