Umwe mubaririmvyi bakomeye cane mu Burundi kandi bakunzwe cane ” Nzeyimana Mkombozi ” kunvo z’umutekano wiwe ubu ntakibarizwa mu Burundi, ngw’igihugu asigaye abamwo niciza cane ariko ngo ntabwo kimurutira u Burundi.
Uno muririmvyi rero nyuma yaho aburabujwe ndetse agahakwa kwicwa kunvo zivuye ku ndirimbo yiwe nshasha ikunzwe cane murino minsi ya Nzeyimana, we ngo yahisemwo kujabuka u Burundi ariko ngo munsi azogaruka vuba.
Mkombozi yagize ati : Ncuti zanje muguma mumbaza vyinshi kuvyerekeye guhunga kwanje, reka ndabishurire hamwe”JEWE SINAHUNZE ARIKO NAJABUTSE UBURUNDI MURUGENDO RUSA N’IZINDI NGENDO ZO HANZE KUGIRANGO NDUHURE UMUTWE WANJE WAKOZE CANE MUKWANDIKA ” NZEYIMANA‬ ” NO KUBURABUZWA KUBWAYO.”Ndi mu gihugu ciza ariko kitandutir’uburundi, nzogaruka vuba ariko sinzi umunsi, ndabakunda mwese naho ntazi igitigiri, munsengere cane mutibagiye aba KUKLUX CLAN,hokumbaza ibisigura NZEYIMANA, Bipfuje kuntwara umutima.
NB:LA PATRIE OU LA MORT C’EST MON DESTIN “DUSENGERE UBURUNDI N’ABARUNDI NTAKINDI GIHUGU KIDUKUNDA NK’UBURUNDI KANDI NTAMWANSI W UBURUNDI ATARI UMURUNDI,IKIGIHUGU TUGIHORIKI???
Recent Comments