Nyuma y’indwi nyinshi bumvikana,umugwi wa PSG wamaze gusinyisha Angel Di Maria

0

Nyuma yo kuronderwa cane n’imigwi myinshi ikomeye ya buraya,umukinyi Angel Di Maria yasinye amasezerano n’umugwi wa PSG y’imyaka 4,uyo mukinyi akaba agiye muri PSG avuye mu mugwi wa Manchester United wo mu bwongereza.

di maria
Akimara gusinya muri uyo mugwi wiwe mushasha,Angel Di Maria yatanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru aho yavuzeko aryohewe cane kubona agiye gukinira umugwi wa PSG,akaba yavuze kandi ko agiye gutahukana igikombe ca League des Champions arikumwe na PSG.

Angel Di Maria akaba abaye umukinyi wa 2 aguzwe amafaranga menshi mw’ihiganwa ry’ubufaransa,nyuma ya Edson Cavani asanzwe akinira nawe nyene umugwi wa PSG.