Nyuma y’indirimbo yiwe yise Diblo,umuririmvyi Bizos agiye kuyisohorera amasanamu

0

Uwatanguje umudiho wa kiyago style ariwe Bizos,agiye gushira ahabona amasanamu y’indirimbo yiwe yakunzwe cane hano mugihugu c’uburundi,indirimbo yise Diblo.

bizos article

Nkuko uyo muririmvyi yashoboye kubimenyesha ikinyamakuru Bujumburaweb,akaba yamenyesheje ko agiye gushira ahabona amasanamu y’indirimbo yiwe yise ”Diblo”nkuko abakunzi b’umuziki w’uburundi na cane cane abakunzi bakazi kiwe bari babimusavye kubwinshi.

ayo masanamu akaba agiye kuyakorera munzu nshasha ihinyanyura amasanamu iri mu Gihosha,yitwa ”Grand pictures”. Niyamara kurangiza ayo masanamu akaba yiteguriye gusohora iyindi Ndirimbo yitwa “Ndisubiyeko”izoba iri muri uyo mudiho nyene wa kiyago style.