Nyuma y’imyaka myinshi atari mu burundi,umuririmvyikazi Riziki Uwinyota abandanya umuziki ahari

0

Umuririmvyikazi Riziki Uwinyota n’umwe mu baririmvyikazi b’abarundi bigeze kuba babica bigacika mu burundi,ahari muri kino gihe mu gihugu c’ubudagi abandanya akora umuziki nkuko yashoboye kuvyiganira ikinyamakuru canyu Ubmnews.com mu kiganiro twagiranye nawe ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook.

10252151_631685866939525_1975285953868206727_n

Riziki Uwinyota akaba yatumenyesheje ko muri kino gihe ariko arakorana indirimbo n’abaririmvyi bakomeye cane mu gihugu c’ubudagi harimwo Umuririmvyikazi Elena Fishe,aho bariko bakora indirimbo zitari nke,indirimbo bariko bakorera mu nzu ihinyanyura indirimbo ya Berlin Studuo Echo k’umuhinyanyuzi JP mesongi.

1044418_418132454961535_1063950396_n

Tubibutseko Riziki Uwinyota ari umuririmvyikazi w’umurundi yamenyekanye cane ku ndirimbo yitwa Niko zubakwa.