Ibiro vy’ubuserukira ONU mu Burundi bizwi ku izina rya BNUB vyarangije ikiringo c’ibikorwa vyavyo vyari bimaze imyaka 10 birangura muri ico gihugu.
Ivyo bishitse ariko inyuma y’impari ndende aho leta y’Uburundi yasavye ko ico kiringo ca ONU giherana n’uno mwaka ivuga ko itagikeneye urwego ruyihagarikira amahoro na demokrasi bimaze gutsimbatara mu gihugu.
Abatavuga rumwe na leta basaba ko ONU itokura akarenge mu Burundi amatora yo 2015 atarangiye.
Muri kino gihe leta y’Uburundi na ONU bigiye gufashanya cane cane mu bikorwa vy’iterambere.
Ingabo z’ishirahamwe mpuzamakungu zarungitswe mu mugambi wo kugarura amahoro muri ico gihugu zikaba zarigeze kugera ku 5000.
Uburundi bwavuye mu ndyane mu 2006.
SRC : BBC
Recent Comments