Nyuma y’amezi agera kur 3 ari mu Rwanda,Umuririmvyi Jay Fire aguma asohora indirimbo

0

Umuririmvyi w’umurundi Philippe Ruyuku azwi nka Jay Fire abandanya asohora indirimbo zitari nke ahari mu gihugu c’urwanda,nkuko yabimenyesheje ikinyamakuru canyu Ubmnews.com,umuririmvyi jay Fire akaba yatumenyesheje ko aherutse gukora indirimbo yitwa Show me Love,indirimbo yakoranye n’umuririmvyi Elvis Shaggy hamwe n’umuririmvyi w’umuganda yitwa Nico MP yigeze gusohorana indirimbo n’umuririmvyi Mugani Desire Big Farias, Jay Fire akaba ndetse yaratubwiye ko aherutse no gukora indirimbo yitwa Usinibaguwe,indirimbo yakoreye k’umuhinyanyuzi Pitchen Revolution yahoze akorera muri Tina Records ariko ubu akaba asanzwe akorera mu nzu ihinyanyura indirimbo ya Buja Records.

jay fire
Umwanditsi wa Dada Linda akaba yatumenyesheje kandi ko iyo ndirimbo aheruka gukorera i Kigali na Elvis Shaggy na Nico Mp ko agiye kuyikorera amasanamu muri ico gihugu c’urwanda mu ndwi iza.

ruyuku
Tubibutseko ko Jay Fire muri kino gihe abarizwa mu gihugu c’urwanda aho amaze amezi agera kuri 3.