Umu Star w’umuririmvyi w’umurundi ndetse kugeza ubu bikaba biboneka ko ariwe wambere afise indirimbo zikunzwe n’abarundi benshi cane baba hano muri Leta zunze ubumwe za America ” Mt Number one ” avuga ko umuziki w’uburundi yuko udashobora gutera imbere mu gihe udahabwa agaciro ndetse ngo unashigikirwe n’abategetsi b’uburundi.
Ivyo rero akaba yabivugiye mu Kiganiro yariko arakorana n’ ikinyamamakuru ca mbere c’abarundi gikorera hano muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” aho Mt Number one yavuze ko mu gihe umuziki utohabwa ijambo mu gihugu, mumakungu ngo ho boba bariko baribesha.
Umuziki wuburundi canke abaririmvyi buburundi ntibishobora gutera imbere mugihe bidahabwa agaciro muri leta, Ahandi mu bindi bihugu bibanyi vyuburundi usanga abategetsi canke na president yitabira ibiteramo vyabaririmvi, kuko ni bimwe mu mutungo wigihugu. Mu gihe umuziki utohabwa ijambo iwacu, mu makungu Ho twoba turimwo turibesha.
Uno muririmvyi ntiyagarukirijaho kuko aho twamubaza impanvu yoba ituma abategetsi badashigikira abaririmvyi b’abarundi, mu nyishu yaduhaye yavuze ko boba bataramenya agaciro kumuziki nakamaro umarira igihugu.
Mt Number one yagize ati : Ntibaramenya agaciro kumuziki nakamaro umarira igihugu canke bimwe mu mutungo nyamukuru wigihugu. Kuko iyo igihugu gifise abantu bateye imbere bakibamwo naco kiratera imbere.
Umunyamakuru wa UBM News ” Eric Nyandwi ” yakomeje amubaza ico nyene ubwiwe abona cokorwa kugirango abategetsi bu burundi batangure gushigikira ibikorwa vy’abaririmvyi, aho ubwiwe yavuze ko abaririnvyi bari bakwiye kuja hamwe bagashinga ishiramwe ryobafasha mugushikiriza ivyiyunviro.
Abaririmvyi twoja hamwe tugashinga ishirahamwe ridufasha gushikiriza ivyiyumviro vyacu mu badutwara(abategetsi) kandi tukabandanya gusemerera kuko uwubabaye niwe abanda urugi.
Recent Comments