Nyuma ya Vumera,umugwi ndangakaranga Troupe Amagaba ugiye gukora iyindi ndirimbo

0

Umugwi  ndangakaranga Troupe Amagaba n’umwe mu migwi ndangakaranga ibica bigacika muri kino gihe hano mu gihugu c’uburundi,nyuma yaho basohoreye indirimbo 2 zakunzwe cane hano mu gihugu c’uburundi, indirimbo Amagaba na Vumera, uyo mugwi ugiye gusohora iyindi ndirimbo izoba yitwa Kariwabo nkuko uwusanzwe arongoye uyo mugwi ariwe Jean Claude Niyuhire yashoboye kubimenyesha ikinyamakuru canyu Ubmnews.com

amagaba

Iyo ndirimbo ikaba igiye gukorerwa mu nzu ihinyanyura  indirimbo ya Buja Records ikazohinyanyurwa n’umuhinyanyuzi Pitchen Revolution

Nyuma yiyo ndirimbo bagiye gusohora, umugwi ndangakaranga Troupe amagaba ukaba ugiye gukora n’amasanamu y’indirimbo yitwa Bumbatira Amahoro indirimbo yatumye uyo mugwi utahukana ikibanza ca 1 mw’ihiganwa ryahuriyemwo n’iyindi migwi ndangakaranga ya hano mu gihugu c’uburundi mw’ihiganwa ryari ryatunganijwe na Search For Common Ground