UMURIRIMVYIKAZI LADY GRACE YARAYE ABONETSE KU KIBUGA KU RUKINO RWARAYE RUHUJE INTAMBA MU RUGAMBA NA ETHIOPIE.

0

Umuririmvyi w’umurundikazi Lady Grace yaraye abonetse ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore mu rukino rwaraye ruhuje umugwi nserukira gihugu w’uburundi n’umugwi wa Ethiopia aho uyo muririmvyikazi yari yaje aje gushigikira umugwi w’intamba mu rugamba nkuko ikinyamakuru canyu ubmnews cashoboye kluvyibonera.
lady grace
Nyuma y’urukino twaramwegereye turamubaza icatumye aza gushigikira intamba mu rugamba,Lady Grace akaba yatubwiye ati:icatumye nza hano nuko narinje gushigira intamba mu rugamba kugira ngo utsinde urukino hama dusubire kubona intamba mu rugamba mu mahiganwa ya CHAN azobera mu gihugu c’urwanda.
lady
Tworangiza tubamenyeshako Lady Grace yaraberewe cane