Nyamugigima Ikomeye Muri Tanzania na Zambia

0

Ikinyamugigima gikomeye c’ibipimo 5.7 hakoreshejwe igipimo ca Richter caciye mu turere tw’ikiyaga ca Tanganyika mwijoro ryakeye uyu musi.

Ico kinyamugigima caciye cane mu turere two mu buraruko bwa Zambia, kandi ukwo gutigita kwisi kwumvikanye mu turere two mu bumanuko bushira uburengero bwa tanzania, cane cane mu karere ka Rukwa.

Nkuko Ishirahamwe ry’Ubushakashatsi ry’Ubutaka Rya Amerika rivyerekana, isoko ryiyo Nyamugigima ryavuye ku bilometero 10 uva hasi munsi y’ubutaka ku bilometero 45 mu buseruko bw’igisagara ca Kaputa muri Zambia.

Ico gisagara ca kaputa kiri ku mupaka Zambia ihana na Congo(Kinshasa).Ico kinyamugigima cavuze igihe c’isaha icenda z’agatondo kuruyu mus iwa gatanu.

Igice kinini ca Afrika y’Ubuseruko kiri mu Kiyaya( Rift Valley) , Ikiyaya cabayeho biciye ku kwimuka kwuturere tunini twubutaka hamwe n’ibirunga.Ivyo bituma haba za nyamugigima kenshi.

Muri Nyakanga 2016, hari iyindi nyamugigima yabaye muri Tanzania muri District ya Bukoba, mu ntara ya Kagera, aho abantu bashika kuri 16 bapfuye abandi 250 barakomereka bivanye n’ico Kinyamugigima.