NYAMITWE:”Reta irashigikiye ibiganiro bihuza abarundi vyobera hanze canke mu gihugu”

0

Umuhanuzi mukuru ajejwe ivyo kumenyesha amakureu mu biro vy’umukuru w’igihugu Willy NYAMITWE amenyesha ko Reta y’Uburundi ishigikiye ibiganiro bihuza abarundi vyobera hanze canke mu gihugu hagati.

Willy NYAMITWE avuga ko ibiro vy’umukuru w’igihugu ata butumire bwo kuja mu biganiro bukenewe,kuko igihe cose umufasha w’umuhuza akeneye abarongye igihugu ashika mu gihugu bakabonana,ahereye ku mukuru w’igihugu ubwiwe.

Ku bijanye n’ibiganiro bitegekanije kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017, Willy NYAMITWE avuga ko ataco babiziko, ariko ko abazovyitaba azoba ari abahawe ubutumire.

Kubwo umuhanuzi mukuru ajejwe ivyo kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu,ibiganiro bihuza abarundi birashigikiwe na Reta vyaba ibibera hanze canke mu gihugu hagati.

Willy NYAMITWE avuga ko abanyepolitike,amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poitike,abamenyeshamakuru ,bse hamwe bahamagariwe kwitaba ibiganiro kugira hatrwe inyishu y’ibibazo biciye mu biganiro atawe bikumira.