Willy Nyamitwe hamwe na Edouard ngo batashe zirayoye bavuye mu bubirigi ” soma hano wumve

0

Ivyari vyajanye NYAMITWE Willy n’umushikiranganjie NDUWIMANA Édouard mu bubirigi vyamaze kumenyekana nkuko ikinyamakuru Burundi24 kibishikiriza. Uwo murwi w’intakorwako za Bujumbura ngo wari wagiye uherekejwe n’umushingwamanza wabo ariwe RUBEYA.

Ivyari vyajanye uwo murwi ngo kwari ugukura igifovya c’amafaranga mu ma banque y’abanyaburaya, ivyo bikaba vyari bigira bikorwe inyuma yaho ishirahamwe rya buraya na cane cane ubugirigi, rimenyeshereje ko buca rihagarika ayo mahera yabo.

Uwo murwi udasanzwe ugizwe n’abubahwa b’i Bujumbura ngo icari cabajanye ntibakironse kuko bankiwe, ariko bakaba bababwiye ko kugira bemererwe kuyakurayo bisaba imisi mirongo ibiri. Bakaba batashe bimyiza ibamfu nkuko ico kinyamakuru Burundi24 kibandanya kibivuga kuko n’uwo mushingwamanza wabo ngw’ashobora kuba yaciye ahunga kuko ntibatahanye.

Mwokwibuka ko ivyo vyabaye igenekerezo rya 10 gushika 13 z’uku kwezi, ihoteri bari bashikiyemwo nayo ikaba yaciye ikikuzwa n’ama manifestant.