UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Nubwo woba ufise igitsina gito, menya ukuntu woshimisha umugore wawe ndetse akaryoherwa cane mugihe co gukora imibonano mpuzabistina.

Bamwe mu bagabo, usanga bagira impungenge cane bivanye n’ ibitsina vyabo muko usanga bingana ndetse ugasanga bibaviriyemwo kubura umunezero igihe co gukora imibonano mpuzabitsina bitewe niyo mpanvu.

Abahinga mu bijyanye n’ ibitsina bo bavuga ko atamugabo yarakwiye kugira impungenge kugitsina ciwe kuko ngo igitsina ntaho gihurira no gukora imibonano mpuzabitsina neza.

Aba bahinga babandanya bavuga ko igitsina c’ umugabo kiringaniye kiba gipima hagati ya santimetero 12 na 17 ariko ngo nubwo bidakunze kubaho ngo hariho n’ abashobora kurenza izi metero.

Nimba ushaka kunezerwa igihe co gukora imibonano mpuzabistina , ningombwa ko mubanza gutegurana bihagije, aba bahinga bavyigiye bavuga ko atamugabo ukwiriye kubabazwa nuko igitsina ciwe coba ari kigufi ( gito ) kuko ngo n’ abagore benshi bubu basigaye banatinya ibitsina vyabagabo birenze urugero mu kuba birebire .

Inama zitangwa ku bagabo bumva ko ubwabo bafise igitsina gito, ngo ni ukwikuramwo ko igitsina cabo ari gito kandi mu gihe bagiye gukora imibonano n’ abo bubakanye bakabanza gufata umwanya wo gutegurana bihagije.

Ikindi kandi aba bahinga babandanya bavuga ngo ni ugukora isuku rihagije ku myanya ndangagitsina, bagakata ubwoya buba hejuru y’ igitsina, kuko iyo bubaye bwinshi ngo bushobora gukingiriza igitsina kikaboneka nk’ aho ari gito.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments