UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Nubwo Radio RPA ikundwa cane ariko hari utunenge tucibonekeza

UBM News ads

Akanenge ku biganiro Radio RPA ishikiriza ngo n’ibiganiro vya Politique ari vyinshi cane kurusha ibindi biganiro bisanzwe. Nkuko uwusanzwe arongoye OLUCOME Gabriel Rufyiri yabishikirije yamenyesheje ko bari bakwiye gushiramwo ibindi biganiro biha ijambo abanyagihugu ku bindi bibazo bihanze igihugu.

rufyiri

Ariko naho atora utunenge ntiyaretse kumenyesha ko ari imwe mu maradio afasha abanyagihugu bagashikiriza akari ku mutima, kuko ngo imisi 26 ku kwezi barahamagara bakagira ico bavuze ku kababakiye. Bakanamenyesha ko binakunze iyo nsamirizi yoshiraho imboneshakure (TV) ngo binakunze abanyagihugu bonaterera ngo iyo mboneshakure iboneke, ivyo bikaba vyashikirijwe na Agathon Rwasa aho yatanga ikiganiro kuri iyo Radio nyene.

Ivyo bivuzwe aho ku musi wa kane igenekerezo rya 5 ntwarante bazohimbaza imyaka 14 bariko bashikiriza ibiganiro abanyagihugu b’abarundi baba abari hano I Burundi canke abari mu makungu kuri www.rpa.bi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments