Ku mboneshakure n’insamirizi vyo hanze y’igihugu c’Uburundi, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza abandanya kumenyesha ko ashobora kuzokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu, naho hari abavuga ko yahejeje ibiringo. Inyuma y’aho abivugiye ku mboneshakure FRANCE 24, yongeye kubibwira BBC.
Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi yabaye nk’uwuvuga ko ashobora kwiyayamaza ku ncuro ya gatatu mu matora y’umukuru w’igihugu, n’aho abatavuga rumwe n’ubutegetsi, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike babandanya kuvuga ko vyoba bitubahirije ibwirizwa shingiro. Petero Nkurunziza yabwiye BBC ko bitoroshe gusigura neza ingingo iri mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi imubuza gusubira kwitoza. Ku bwiwe, umugambwe akomokamwo, ariwo CNDD-FDD, niwamusaba kuwuserukira mu matora ategekanijwe mu mwaka w’2015, hazoba hasigaye gusa ijambo rya sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.
Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi asubiriye gushikirije ko ashobora kuzokwitoza, mu gihe ata n’indwi imwe yari bwahere abivugiye ku mboneshakure FRANCE 24.
Mu kiganiro yatanze kuri iyo mboneshakure, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntiyahakanye ko atazokwitoza ubugira gatatu, akamenyesha ko arindiriye ijambo rya nyuma rizotangwa n’umugambwe wiwe CNDD FDD. Umumenyeshamakuru wa FRANCE 24 yabajije Petero Nkurunziza namba azokwitoza mu kiringo ca gatatu, kandi ibiringo yari arekuriwe bibiri vyaraheze, Petero Nkurunziza yishuye ko ibijanye n’ibiringo arekuriwe bizodadanurwa n’umurwi ujejwe gutegura amatora hamwe na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.
Umumenyeshamakuru yaratomoreye Petero Nkurunziza kuri ico kibazo amubaza ati : “Ariko wabishaka ?” Nawe amwishura ko naho yoba abishaka atariko bigenda, kuko ategerezwa kurindira ijambo rya nyuma ry’umugambwe wiwe CNDD FDD, ari nawo uzovuga namba womutanga kugira awuserukire, ariko wisunze ibwirizwa shingiro n’ibwirizwa rigenga amatora.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments