Léonce Ngendakumana, umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU yitavye ubwa mbere kuri uwu wa kabiri, mu ntahe y’icese muri sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura. Yitwariwe n’umugambwe CNDD FDD hamwe n’insamirizi Rema FM, inyuma y’ikete yandikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon. Urubanza rwiwe rwashizwe mu mwiherero, rukaba ruzosomwa imbere y’igenekerezo rya 2 Gitugutu 2014.
Léonce Ngendakumana arongoye urunani ADC – Ikibiri
Umukuru w’urunani ADC Ikibiri, akaba n’uwurongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU yitwariwe mu butungane n’umugambwe CNDD FDD, hamwe n’insamirizi Rema FM, bamwagiriza ko mw’ikete yarungikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon, kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2014, aho yavuga ko mu Burundi hoba hariko harategurwa ihonyabwoko, yakoresheje imvugo yo gutyoza n’ukubiba urwanko rufatiye ku moko mu Burundi. Mu vyaha Léonce Ngendakumana yagirizwa, harimwo gutyoza umugambwe CNDD FDD n’insamirizi Rema FM, kwambika ibara inzego z’igihugu, hamwe n’ugucapfuza izo nzego.
Nk’igihe c’isaha zine n’iminota mirongo itanu, Léonce Ngendakumana niho yashika kuri sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura. Muri iyo ntahe, abamuburanira babandanije berekana ko ivyo Léonce Ngendakumana yagirizwa bitarivyo, kandi ko n’urwo rwandiko atarurungitse kw’izina ryiwe, ahubwo nk’umukuru w’urunani ADC Ikibiri.
Kuri ivyo vyaha yagirizwa, abashingwamanza b’umugambwe CNDD FDD basavye ko Léonce Ngendakumana yohanishwa ihadabu y’amafaranga imiriyoni cumi z’amarundi, ariko uwari ahagarariye amategeko muri iyo ntahe amusabira ihadabu ry’ibihumbi ijana hamwe n’umunyororo w’imyaka itanu. Urubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero, bikaba bitegekanijwe ko ruzosomwa imbere y’igenekerezo rya 2 z’ukwezi kw’icumi 2014.
Tubamenyeshe ko ababuranira insamirizi Rema FM basavye ko urwo rubanza rwoshirwa mu madosiye abiri, umugambwe CNDD FDD ukaburanya Léonce
Ngendakumana ukwawo, na Rema FM ikamuburanya ukwayo.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments