UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ntivyoroshe : Bano Bafashwe bariko barasambana baca bahabwa igihano co kubazungurukana bari gusa !

UBM News ads

Umugabo yitwa ( Lawani ) hamwe n’umugore yitwa ( Soglo ) bafatiwe mu gace kitwa ” Save ” aho bariko barakorera imibonano mpuzabitsina, Uwabaguyeho ubwa mbere ngo yarasanzwe azi uno mugabo ako afise umugore wiwe bwite bityo kuba yariko arakora imibonano mpuzabitsina n’uwundi mugore ngo bica biharurwa nkigikorwa c’ubusambanyi.

Soglo ” amaze gufatwa bamubajije icoba camuteye gusambana n’umugabo w’abandi, aho ubwiwe yavuze ko uno mugabo ko yamuhendesheje amahera menshi, ikindi naco ciyongereyeho ngo ni ubukene asanzwe yifitiye murino minsi, ngubwo amahera yari yaremerewe nuno mugabo ngo ntiyari kuyahusha.

Uno mugabo we ” Lawani ” abajijwe icamuteye guhenda umugore w’abandi akamusambanya, we avuga ko atabintu vyuguhendena vyigeze bibaho kuko ngo umugore niwe yaguma abimwingingira . Ubwiwe aravuga ati:“Uyu mugore mubisanzwe niwe ansotora kuko buri gihe iyo aciye aho ndi yama ambwira amajambo yerekeye ku mibonano mpuzabitsina ivyo rero nivyo vyankuruye numva nipfuje kuryamana nawe, rero ndabimusavye ntiyahanye kuko yahise anyememera, urunva rero ko nawe yarankeneye ariko akabura uko abinsaba. Ntamahera namakeya namwemereye ahubwo twari twavuganye ko nitwabikora bikaryoha nko nzomuha agashimwe kadasanzwe.

Nyuma yo kumva uko kwiregura kwabo bose, binatewe n’uko murico gihugu ca ” Benin ” atarindi tegeko bagira rihana ubusambanyi, abantu benshi bari bateraniye ngaho bahise bemeranya ko bano bose bafashwe ko bisabwa bahabwe igihano co gukubitwa hamwe no kugenda bambaye ubusa kugira ngo bibere icigwa abandi bareke ingeso y’ubusambanyi. Lawani na Soglo nyuma yo gukubitwa bikomeye, bakoze urugendo rw’amaguru bambaye ubusa bava mu gace kitwa Save k’aho muri Benin bagera mu gace kitwa Ouogui.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments