UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Amerika yahaye gasopo Perezida w’u Burundi, unva hano ivyo bamwihanije ko atohirahira ngwarengeko

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zahaye gasopo nyakubahwa umukuru w’igihugu cacu cu Burundi ( Petero Nkurunziza ) ko yokubahiriza ibwirizwa nshingiro ryukutarenza ibiringo 2 vyukuba umukuru w’igihugu.

peter

Ivyo rero bikaba biheruka gushikirizwa n’Intumwa idasanzwe ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu Karere k’Ibiyaga bigari, Russ Feingold aho avuga ko babandanya gusaba Petero nkurunziza ko atokwiyamamariza manda ya 3 kuko ngwarinze akora uko yoba arenze kumategeko yigihugu.

Russ Feingold yagize ati “Igikorwa co kwongera kwiyamamaza coba ari ikije kurenga kumasezerano ya Arusha. Ntamurongozi n’umwe akwiye kurenza manda, bubahirize demokarasi kandi birinde gukora ivyotuma bihungabanya umutekano wigihugu.

Nkurunziza

UBM News tubibutse ko abakuririkiranira hafi ivya politike y’u Burundi berekana neza ko nyakubahwa umukuru wigihugu ” Petero Nkurunziza ” yuko arinze yiyamamaza ku manda ya 3 yokurongora u Burundi, ngo harashobora kwaduka ingorane zikomeye mu gihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments