Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsAbantu bimirije gutera u Burundi ngaba hano bamenyekanye, Abanyamerika bo bagabishijwe...

Abantu bimirije gutera u Burundi ngaba hano bamenyekanye, Abanyamerika bo bagabishijwe

Abanyamerika basabwa na Reta yabo ko boza baragira ingendo zikenewe gusa mu gihugu c’Uburundi, kuko hari amakuru bafise ko intagondwa za al shabab zishobora gutera .

Nk’uko aya makuru tuyakesha bagenzi bacu bakorera iradiyo ijwi ry’amerika mu gisata c’icongereza abivuga, Reta ya Amerika isaba abanyagihugu bayo bari mu Burundi ko umurwi wa al shebab uhiga ko ushobora gutera Uburundi, kandi uwo muhari w’intagondwa ukaba ugomba kuzobangamira gusumba inyungu za Reta zunzubumwe za Amerika ziri mu Burundi.

Reta ya Amerika rero ikaba isaba abanyagihugu bayo kutagira ingendo mu mabarabara makuru y’Uburundi canke mu mabarabara arimwo umwiza. Reta y’Amerika ikaba isaba abanyagihugu bayo no kugaba ku ngendo zo hagati mu gihugu, kuko hashobora guterwa imitego n’abantu bitwaje ibirwanisho.

alshabaab

Abarwanyi ba Al shabab nibo vyunvikana ko bashobora gutera u Burundi

Reta zunzubumwe z’Amerika zirangiza zivuga ko hari imidurumbanyo ku rugrero ruto hagati y’abanyeporitike mu Burundi hafi mu gihugu nka cose, iyo nayo ikaba ibonekera mu cegeranyo bafise, ko hasobora kuba intambara hagati y’abarundi ubwabo, bivanye na bamwe mu bahoze ku rugamba ubu bagirizwa guhungabanya umutekano hamwe n’itotezwa rigirirwa bamwe mu banyeporitike.

http://www.voanews.com/content/us-advises-citizens-against-all-non-essential-travel-to-burundi/2502940.html

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments