UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ntivyari bisanzwe : Raba hano muko ibirori vyose vyagenze mu gihe u Burundi bwariko burizihiza imyaka 52 iheze buronse intahe y’ukwikukira !

UBM News ads

Imyaka 52 iraheze uburundi buronse intahe y’ukwikira, kwigenekerezo rya 07/01/2014 niho abarundi bose aho bava bakagera bariko barahimbaza ndetse bizihiza imyaka 52 iheze uburundi buronse iyo ntahe, mu gihugu cose abategetsi bakomeye ndetse harimwo n’Umukuru wigihugu c’Uburundi ” Petero Nkurunziza ” barahimbaje uwo musi.

indep 1

Ese ko imyaka 52 iheze uburundi buronse intahe yo kwikukira , n’iyihe ntambwe bumaze kugeraho, nimurino nkuru aho tuza kubamenyesha vyinshi ariko reka tubanze tubabwire akahise ku Burundi, ukuntu bwaronse intahe yo kwikukira hamwe n’uwatumye iyo ntahe iboneka.

Abashakashatsi bavuga yuko Uburundi bwamyeho ka gihugu cikwiye kuva mu kinjana ca 16. Mu mwaka w’1903 ni ho catakaza intahe y’ukwikukira igihe hashikiye abadagi; umwami w’ico gihe Mwezi Gisabo akaba yasinyanye na bo Umwumvikano w’i Kiganda. Haheze indwano y’isi yose ya mbere caciye gicurwa bufuni na buhoro n’igihugu c’Ububirigi. Uburundi bwarafatanijwe n’igihugu c’Urwanda: Rwanda-urundi. Ku wa 1 Mukakaro 1962 niho casubira kuronka intahe yaco y´ukwikukira irondewe n´umuganwa Rwagasore Rudoviko umuhungu w’umwami Mwambutsa Bangiricenge akaba n’umukuru w’umugambwe w’abadasigana UPRONA. Uburundi cari igihugu cifashe kandi cagutse. Mu nyuma ku ntwaro y’Ababirigi gitakaza Ubugufi, imwe mu ntara yari nini, ica yegukira Tanzaniya.

indep 2

Akahise k’Uburundi karanzwe n’igihe c’ubwami bwa kera bwabayeho imbere y’ubukoroni, n’imbibe zitahindutse. Uburundi bwashinze imizi kuva mu kinjana ca 16 canke ca 17 mu karere karimwo abantu kuva mu kimpumbi ca mbere imbere y’umuzo wa Yezu Kirisu. Bwari Ubwami bushingiye ku migenzo n’amategeko kama y’Imana, umwe wese akamenya ico ajejwe ariko kandi ata migenderanire ishemeye n’amakungu iriho. Ico gihugu rero kitagira imihora co muri Afirika y’Ubuseruko, gitumbereye mu karere k’ibiyaga binini kikaba kigizwe n’abahutu (bangana n’ibice 85%), abatutsi (bangana n’ibice 14%) n’abatwa (bangana n’igice 1%) kikaba kirangwa n’imico imwe n’ururimi rumwe . Indimi zizwi kandi zikoreshwa mu kazi ni Ikirundi, igifaransa; igiswahili gikoreshwa canecane mu buzima b’urudandazwa.

Kuva Uburundi buronse ukwikukira, bwagize ingorane nyinshi zijanye n’ivyimibano n’iporitike zagumye zigaruka ari zo zatumye haba indwano, haba abahungiye mu mahanga abandi bakegeranirizwa hagati mu gihugu, harasamburwa inyubakwa z’iterambere n’ubutunzi. Indwano yabaye mu Burundi mu 1993, ni yo yabaye ndende cane kandi ni na yo yagize inkurikizi mbi cane ku vyerekeye iporitike. Kukaba nkako, uretse ihagarikwa ry’umuzo w’idemokarasi, n’itituka ry’ivyerekana iterambere mu vyerekeye ubutunzi ico kiza nyene c’intambara cateye, caranatumye haba itituka ry’ubutegetsi n’akaranga mu bice vyinshi vy’igihugu.

indep 3

Kimwe mu bituma indyane zidahera, ni igwirirana ry’abantu mu matongo yaze n’inkurikizi zaryo ku butunzi busanzwe bushimikiye canecane ku burimyi. Abenegihugu bangana n’imiriyoni umunani ugereranije bagwirirana ku rugero rugwijije na kabiri uko imyaka mirongo itatu iheze, bakagwira kurugero rungana n’ibice 3% ku mwaka. Tugereranije, dusanga hafi ica kabiri c’abarundi bafise munsi y’imyaka 15, ibice bingana 90% babeshwaho n’uburimyi. Abangana n’ibice 70% na bo, usanga baronka agahembo kari munsi y’idorari rimwe ry’Abanyamerika ku musi.

Inyuma y’ihagarikwa ry’idemokarasi mu 1993, ibihugu bigize kano karere (Ubuganda, Tanzaniya, Ubufirika bw’epfo), bishigikiwe n’amakungu , vyarafashe ingingo yo kugarukana amahoro mu gihugu , ibiganiro vyatumye haba ishirwa ry’igikumu i Arusha ku masezerano y’amahoro n’umwumvikano mu Burundi. Amasezerano y’i Arusha ashimikiye ku mwumvikano n’ubumwe mu gihugu, agategekanya n’ingene abadasangiye ubwoko boserukirwa ata mahinyu. Ishirwa mu ngiro ry’Amasezerano ryabaye intango y’intwaro y’infatakibanza, mu ntambwe yashitseko iyihambaye ikaba yabaye ishikirizwa muri Gitugutu umwaka w’2001, ry’ibwirizwa shingiro rizogenga itunganywa ry’inzego mu kiringo c’amezi 36.

indep 4

Muri Ruhuhuma umwaka w’2005, Abarundi barahamagariwe kwemeza irindi bwirizwa shingiro biciye mu matora. Iryo bwirizwa shingiro risubirira iryamaze amezi 36, rirasigura neza ko Uburundi ari irepuburika yigenga, ifise n’idemokarasi kandi itisunga idini na rimwe , ” yubahiriza ubudasa bw’amoko n’amadini “. Iryo bwirizwa shingiro rirubahiriza urugero amoko aserukirwa mu vy’iporitike, mu nzego, mu buzi bw’ireta, rikongera rikubahiriza intwaro ihuriyemwo abanyeporitike n’abajejwe umutekano mu gushinga urugero ahahutu n’abatutsi baserukirwako, badasize inyuma kwubahiriza uguserukirwa kw’abakenyezi ku bice 30%.

Iyo yari kahise k’uburundi, aho UBM News twashatse ko mumenya uko uburundi bwafashe intahe yo kwikukira, hano musi ni amafoto yerekana ukuntu umunsi mukuru wahimbajwe mu gihugu cu Burundi.

indep 6

indep 7

indep 8

indep 9

indep 10

indep 11

indep 12

indep 13

indep 14

indep 15

indep 16

indep 17

indep 18

indep 19

indep 20

indep 21

indep 5

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments