Prezida wa Kenya William Ruto atanze itegeko ku bapolisi kutica abakora imyiyerekano ahubwo babarase kumaguru kuko kuko ivyo bari gukora ari ibikorwa vy’iterabwoba.
William ruto ati:”enough is enough,abariko bakora ibi bikorwa vy’iterabwoba batanguje intambara”.

Prezida William ruto wa Kenya yamenyesheje ko abamaze imisi bakora imyiyerakano bagasamumbura amazu,bakiba,bagaturira ibirindiro. Y’abapolisi ari abihevyo kandi ko ari kubarwanya bivuye inyuma.
Prezida ruto ati :”umuntu aturira ibidandazwa vy’umuntu,agasambira amazu y’abandi nawe nibamurase kumaguru”.
Prezida William ruto akavuga ko atazokwihanganira abashaka gushika kubutegetsi baciye mu nzira z’ubugizi bwa nabi aho yagize ati:”enough is enough “.
Ibi akaba yabishikirije uyu musi kuwa gatatu igenekerezo rya 9 ruheshi 2025 muburaruko bwa DAGORETI ahariko hurubakwa inyubako z’igipolisi muri kilimani police station.
Muri kenya hamaze imisi imyiyerekano yo kwiyamiriza prezida William ruto ariko we akabasaba kurindira guheza ikiringo ciwe muri 2027





Recent Comments