Kurino si abantu bayibamwo baguma bakora ibintu bitangaje, umukobwa azwi kwizina rya ” Jasmine Tridevil ” aheruka gukora ikintu gitangaje aho ubu afise amabere atatu, uno mukobwa aba hano muri Leta zunze ubumwe za America ( Florida ) kugira abigereho ngo yatanze amafaranga arenga imiliyoni 20 z’amarundi (20 000$) aho bahise bamushirako ibere rya 3.
Nkuko ano makuru akomezwa atangazwa nikinyamakuru ca ” The Hollywood Gossip ” bo bavuga ko uno mukobwa vyamugoye cane bivanye nuko yabajije abaganga bari hagati ya 50 na 60 buri wese ngo yaguma amuhakanira amubwira yuko abikoze yoba anyuranyije n’itegeko rigenga umwuga bakora.
Vyamufashe imyaka irenga ibiri kugirango abone abemera kumubaga ariko ubu biza vyaraheze, we ico yipfuza cane ngo n’ukubona ikiganiro kizoza kiraca kuri MTV, nubwo abo mumuryango wiwe badasigaye bamuvugisha nka kera.
Uno mukobwa wimyaka 21, ubwiwe ariyamiriza abantu bavuga ko yoba yahisemwo gushiraho rino bere rya 3 kugirango yamamare canke ngo abironkeremwo inyungu ahubwo ngo yabishizeko kuko ubu atamugabo numwe yipfuza kubana nawe.
Jasmine Tridevil yagize ati ati “ Sinashizeho rino bere kugirango menyekane canke bizanire inyungu yamahera ariko narishizeko kuko nshaka ko atamugabo numwe yonyipfuza, kuko ubu sinkizipfuza gukundana ukundi.”
Recent Comments