Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsNtibisanzwe : Umunyarwanda yapfunzwe azira ko yarazaniye ubutumwa bukomeye bw'Imana Petero...

Ntibisanzwe : Umunyarwanda yapfunzwe azira ko yarazaniye ubutumwa bukomeye bw’Imana Petero Nkurunziza

Umuvugabutumwa Mwongeye Theophile akomoka mu gihugu c’Urwanda i Kanombe apfungiwe mw’ibohero ryo mu Kirundo. Yafashwe ku mvo z’amatohoza, inyuma y’aho amenyeshereje ko afise ubutumwa bukomeye Imana yamurungikanye kugira abushikirize umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Mwongeye Theophile ni umuvugabutumwa wo mw’ishirahamwe ry’amashengero ya Pentecote mu gihugu c’Urwanda. Uwo muvugabutumwa akomoka i Kanombe yashitse mu Burundi ku munsi wa mbere yinjiranye mu ntara ya Cibitoke. Ku munsi wa kabiri akaba yari ashitse, akavuga ko azaniye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ubutumwa budasanzwe Imana yamurungikanye, kandi akamenyesha ko ubwo butumwa bwa Petero Nkurunziza ategerezwa kubumwihera bari babiri gusa. Kuva aho yumviye ko Petero Nkurunziza ari mu rugendo mu ntara ya Kirundo, uwo muvugabutumwa Mwongeye Theophile yaciye amusangayo muri komine Bwambarangwe, intara ya Kirundo, agerageza kuronka umubonano ariko biranka, akamenyesha kandi ko yari amaze kumwandikira amakete ane yose amusaba ko bobonana, ariko ntahabwe ayo mahirwe.

N’aho yabuze uwo mubonano, Mwongeye Theophile ntiyacitse intege, kuko kuva aho amenyeye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azoba ari ku kibuga c’umupira w’amaguru co mu Bushaza isaha icenda zo kuri uwu wa kane, umuvugabutumwa Mwongeye Theophile yaciye afata ingingo yo kumusangayo, nk’igihe c’isaha umunani akaba yari yamaze gushika ku kibuga arindiriye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Yabwiye abajejwe umutekano w’umukuru w’igihugu Petero Nkuruniza ko akeneye kuvugana nawe kugira amushikirize ubutumwa budasanzwe Imana yamurungikanye. Abajejwe umutekano w’umukuru w’igihugu baciye bamuta muri yompi, bamushikiriza igiporisi co mu ntara ya Kirundo.

Mu giporisi mu ntara ya Kirundo aho umuvugabutumwa Mwongeye Theophile apfungiwe bamenyesha ko bamaze gutangura amatohoza.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments