Aho Petero Karaveri Mbonimpa arwariye harakingiwe, ku bw’amagara yiwe atameze neza, mu gihe abaganga bo ku bitaro BUMEREC barikanuye ku buryo atawubacarukana ngo asuhuze canke ngo arabe Mbonimpa, adahawe uruhusha rw’umuyobozi w’ibitaro.
Umuyobozi w’ibitaro BUMEREC akaba yatubariye ko amagara y’uwo mutama asanzwe anapfunzwe yagirizwa ivyo yashikirije ku rwaruka rw’abarundi bariko bagirira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ubu ameze neza agereranije n’uko yaje ameze. Ariko uwundi mwanya, uwo muyobozi ukabona yasa n’uwubivugana amakenga, kuko yasubiye inyuma akatumenyesha ko ata muntu n’umwe arekuriwe gusuhuza uwo mutama, kuko bakeneye ko aruhuka, kuko yaje aremvye.
Ku bwinjiriro bw’ivyo bitaro, hakaboneka abaporisi bambaye umwambaro usanzwe, bafise ibikoresho bimwe vy’uguhanahana amakuru, mu gihe abandi babiri bari bicaye ku muryango wo hirya y’ibitaro. Abari mu mashirahamwe atandukanye yaba mpuzamakungu canke yo mu Burundi, bakaba bariko baranyuragiranwa, bose basaba impusha uwo muyobozi w’ibitaro, ariko bose bakaba batemerewe kumuraba, baca basubira inyuma.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments